Gervais Ndirakobuca yiteguriye kurwanya abarya ibiturire

0

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterembere rusangi n’umutekano w’igihigu, Gervais Ndirakobuca, atazirwa Ndakugarika, yaraye akuriye inkoni ku gishitsi abikika mu kiza mu kwaka igiturire.

Ndirakobuca azwi cane kuva mu mwaka wa 2015 asanzwe ari musi y’ibihano vya Amerika na Buraya, ariko akora ibishoboka cane kugira ngo ubushikiranganji bwiwe bugorore ibitari bike muri reta mvyeyi nshasha.

Image

Ivyo Ndirakobuca avuga ko bigiye guhagurukirwa mu bushikiranganji bwiwe harimwo ugukamisha ama dosiye amwe amwe ugasanga aguma aho kugira babanze batange amahera ba nyeneyo.

Ikindi Ndirakobuca yagarutseko ni ukurandurana n’imizi aka mwana wa mama mu masengero hamwe no mu mashirahamwe y’abanyagihugu.

Ndirakbuca kandi aragaruka ku kibazo caba OPJ co kwubika amadosiye amwe amwe akadindira adakurikiranwa( dossiés classés sans suite).

ikindi kandi Ndirakobuca agiye guhagurukira ni kurwanya igiturire mu mabarabara aho usanga abapolisi bamwe bamwe bakora ku mabarabara ariyo ngeso yabo yo kwaka amahera abagendesha imodoka bakabona kurengana naho boba bari mw’ikosha.

Gervais Ndirakobuca avuga ko agiye guhagurukira abategetsi bose batukisha igihugu mu gukora uko bishakiye. Ubwo azobishikako?Nivyo guha akanya…