Abarundi bokwitega iki kuri ‘reta mvyeyi’ ya Ndayishimiye?

0

Abarundi bokwitega iki kuri ‘reta mvyeyi’ ya Ndayishimiye?Ico ni ikibazo abatari bake bibaza na cane cane ko Evariste, uwiswe ‘umuhizi mw’iterambere, yemeye ko Uburundi bugiye gushika kw’iterambere rirama.

Abamaze kwihweza ivyo Evariste Ndayishimiye ariko arakora barabona ko ariko akora ivyo yiyemeje.

Ejo mu ntara ya Gitega, Ndayishimiye Evaritse yamenyesheje ko reta yiwe ‘mvyeyi’ igiye kuza irasanga Abarundi ku kivi kugira ibafashe mu bijanye n’iterambere.

Ikindi kandi yamenyesheje ni uko Abarundi boza barijukira ‘kugorobeza’ ni kuvuga kuja mu mirimo yo mu ndimo aho kwicara mu bubare bwo ku migoroba.

Ivyo akaba yabikoze igihe yariko yifatanya n’Abanyagihgu bo mu ntara ya Gitega, Komine Giheta ku ruzi Ruvubu.

Mu bijanye n’indero, Ndayishimiye Evariste ariko ararabwa cane uko azohinyanyura ibijanye n’indero kurusha uko Janviere Ndirahisha yabikoze.

Uti none reta mvyeyi ni iki? Nk’uko abagize leta nshasha ya Ndayishimiye Evariste bavuga, ubu reta ya kino gihe ni umuvyeyi w’Abarindi bose, atari iyo gusangwa mu biro gusa ahubwo gusanga abarundi ku kivi mu kwiteza imbere.

Ivyo biri uko mu gihe umushikiranganji w’Uburimyi n’ubworozi yafashe ingingo yo kuzotanga imbuto y’ibigoroi ku Buntu ku murundi wese azoba yijukiye uburimyi.

Ubwo umwidegemvyo wo kuvuga wowo gute kuri reta ya Ndayishimiye? Benshi barizeye ko guhahaza abatavuga rumwe bizogabanuka cane ugereranije no ku ntwaro ya ‘Sogokuru wiwe’.

Naho biri uko, ishirahamwe Human Rights Watch ribandanya risemerera ritera akamo ko abahohotera kubera abadasngiye ivyiyumviro na leta ya CNDD-FDD babadandaya  bahohoterwa hamwe no kwicwa bakicwa maze.

Naho reta ya Ndayishimiye isa n’iyigizwe hafi ibice 40% n’abasirikare, irahakana ivyo yagirizwa maze ikavuga ko ata murundi n’umwe ahahazwa ahorwa ivyiyumviro vyiwe.

Mbere n’umushikiranganji mushasha w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, atazirwa Ndakugarika, akaba yavuze ko atagiye kuzokwihanganira abo bose basaba ibiturire bakongera bagasesagura amatunga ya leta.