Amasanganya y’imodoka yabaye ndase m’Uburundi

0

Abantu berarenga 6 barishwe bari mu miduga ku musi wakabiri no kuwagatatu, abandi barenga 50 barakomereka bimwe bikomeye bivuye ku masanganya y’imodoka zitwara abantu. Ishirahamwe Memento ritwara abantu rikaba ariryo rya ryahahombeye vyinshi kuko imiduga ibiri minini yo mu bwoko bwa bus ikaba yarahomberanye aho bita i Nyamutenderi no mu ntara ya Ngozi. Irindi sanganya rikaba ryabereye mu gisagara ca Bujumbura kwibarabara ryitiwe Umwami Mwezi Gisabo rikaba ryitwa ibarabara rya 28 Munyonyo.

Benshi bakiba ko ayo masanganya ava ku muvuduko munini abatwara imiduga ya Memento canke iyindi miduga bagira bariko baratwara bigatuma bata umurungo bikabananira kugarura imodoka. Abagendera muriyo miduga aha bashikiriza ivyiyumviro vyabo kumbuga ngurukana bumenyi bakaba batumva igituma igipolisi kidashiraho umuvuduko utarengwa mugihe umushoferi ariko aratwara abantu nkuko henshi mu bihugu bibanyi canke vyakure bamaze gushiraho ivyapa vyerekana umuvuduko ntarengwa nibihano bijanye kuwubirenzeko.