Burundi: Abashikiranganji babiri bari munsi y’ibihano vya Amerika na Buraya

0

Mu gihugu c’Uburundi, hari abashikiranganji babiri bari munsi y’ibihano vya Amerika na Buraya naho haherutse gushingwa leta ya Evariste Ndayishimiye.

Abo nabo akaba ari Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika hamwe na Alain Guillaume Bunyoni batazira Mutama 2.

Gushika iyi saha, ibihugu vya Buraya na Amerika ntibirakuraho ivyo bihano vyafatiwe abo bagabo babiri.

Leta y’Uburundi, eka mbere nabo bariko ibihano vya leta Zunze Ubumwe za Amerika na Buraya ntaco baravuga kuri ivyo bihano vyafatiwe abo bashikiranganji.

Abafiwe ibihano na Amerika na Buraya harimwo kandi uwagerageje gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi, Godefroid Niyombare.

Amerika na Buraya bagirije abo bagabo uko ari babatu guhonyanga ibijanye n’agateka ka zina muntu igihe haba imyiyerekano yo kwiyamiriza uwahoze atwara Uburundi, Petero Nkurunziza.