Abasirikare 2 b’Abarundi bishwe na Al Shabab muri Somalia

0

Amakuru atandukanye ariko ashirwa ahabona n’ibinyamakuru vyo muri Somalia avuga ko intagondwa zo mu muhari Al Shabab zakoze igitero ku basirikare ba AMISOM maze gihitana abasirikare babiri b’Abarundi.

Ivyo vyabereye mu karere k’ingabo za AMISOM mu bice vya Shabelle yo hagati muri Somaliya ejo ku musi wa gatandatu itariki 18 Mukakaro 2020.

Bikavugwa ko igisasu caturikiye inyuma ya convoi y’ingabo za AMISOM zijejwe kurwanya umuhari w’iterabwoba Al Shabab.

Al Shabaab niyo yemanze ico gitero yongera iranamenyesha ko nimiburiburi cahitanye abasirikare babiri b’Abarundi.

AMISOM ntirashira ahabona itangazo ryerekeye igisasu catewe ingabo zikorera mu karere ka Shabelle.

Eka na leta y’Uburundi ntiragira ico ishikiriza kuri ivyo vyaraye bibaye ku ngabo z’Uburundi.