Général Sillas NTIGURIRWA yakuwe mu burongozi bwa INSS

0

Général Sillas NTIGURIRWA yahora ariwe aramutswa uburongozi bw’ishirahamwe INSS (Institut National de Sécurité Sociale) yahinduwe, akaba yasubirijwe na Prosper BAZOMBANZA yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu kiringo ca kabiri c’intwaro y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

ntigw

Ibirori vy’ukubisikanya hagati ya Général Sillas NTIGURIRWA hamwe na Prosper BAZOMBANZA vyabaye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2016.

Muri ivyo birori vy’ukubisikanya, ibikorwa Général Sillas NTIGURIRWA yasigiye uwumusubiriye, harimwo ugushira umutahe mu bitaro KIRA kugira bizohore bikorana na INSS mu gufasha kurungika abanywanyi kwivuriza hanze, ibijanye n’ugukukuruka ku basirikare hamwe n’abaporisi b’Uburundi, Ingene INSS yobandanya kwitaho kuvuza abanywanyi bayo, hamwe n’ibijanye n’ugukukuruka kw’abakozi ba INSS.

Prosper BAZOMBANZA, umuyobozi mushasha wa INSS yiyemeje gukorana neza n’abakozi ba INSS, hamwe n’uguharanira inyungu z’abanywanyi ba INSS, iz’abakozi hamwe n’iz’igihugu c’Uburundi.

bazo