Général Prime NIYONGABO yoba agira asubirizwe

0

Mu gisirikare c’Uburundi haheze iminsi hibonekeza ihindagurirwa ry’ibibanza vy’akazi ku basirikare b’intwazangabo, hamwe n’abandi bashingwa amabanga mashasha. Amakuru avugwa akaba ari uko ubutegetsi bw’i Bujumbura bwoba bufise amakuru ko igisirikare coba kiriko gitegura ihirikwa ry’ubutegetsi. Umwanya uwariwo wose, itegeko rikombora umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Général Prime NIYONGABO, rikaba rishobora gusohoka, agasubirizwa n’iyindi ntwazangabo yizewe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

prime

Général Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare ashobora gusubirizwa iyindi ntwazangabo, amazina atatu anuganurwa ko ashobora gutorwamwo uwumusubirira akaba ari Général Ildéphonse Habarurema, umunyamabanga ntayegayezwa w’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, Général Emmanuel Miburo, umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umukano, hamwe na Général Sillas NTIGURIRWA, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe INSS (Institut National pour la Sécurité Sociale). Muri ayo mazina atatu, uwuza imbere mu bashobora guhabwa uburongozi bw’ibiro bikuru vya gisirikare ni Général Sillas NTIGURIRWA yahora arongoye INSS, ico kibanza yarimwo kigaca gishirwamwo Prosper BAZOMBANZA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

ntigu

Amakuru ikinyamakuru UBM News gifise avuga ko Général Prime Niyongabo, asanzwe ariwe gushika ubu aramutswa ibiro bikuru vya gisirikare yagirizwa n’ubutegetsi bw’i Bujumbura ko yoba atamenyerwa, agakekwa ko yoba yari mubateguye ukugerageza guhirika ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, n’aho mu nyuma yahindutse abo babiteguranye, nk’uko ayo makuru abivuga. Tubibutse mu rubanza rw’abapfunzwe bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, umwe muribo, Général Cyrille NDAYIRUKIYE yamenyesheje ko Général Prime NIYONGABO hamwe na Général Ponsiyano GACIYUBWENGE yari arongoye ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, bozanwa imbere y’intahe kuko aribo bateguye iryo geregezwa ry’ihirikwa ry’ubutegetsi. Général Cyrille NDAYIRUKIYE yasiguye ko yayobotse amategeko y’abamuyoboka, aribo Général Ponsiyano GACIYUBWENGE hamwe Général Prime NIYONGABO.

Iyo nkuru turayigarukako mu makuru yacu yo hanyuma