CNARED yakeje abashingamateka ba UPRONA batitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka

0

Urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA rwashimiye abashingamateka bo mu runani rw’Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI, ishami rya UPRONA riyoboka umushingamateka Karori NDITIJE.

Leonard NYANGOMA arongoye urunani CNARED yamenyesheje ko yashimishijwe n’ubutwari hamwe n’ubukerebutsi vyerekanwe n’abo bashingamateka mu kwaka kwitaba mu bikorwa vy’inama nshingamateka y’Uburundi, kuko batemeye ivyavuye mu matora. Muri CNARED bavuga ko abo bashingamateka berekanye umutima y’ugukunda Abarundi, mu gihe bataravye n’ingaruka z’ihungabana ry’umutekano wabo zishobora kubashikira.

CNA

Tubibutse ko Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro iheruka gufata ingingo y’ugukura ku rutonde rw’abashingamateka b’Uburundi abashingamateka bari batowe ku rutonde rw’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI bayoboka umushingamateka Karori NDITIJE.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yari yituwe n’inama nshingamateka y’Uburundi kugira yihweze ko abo bashingamateka batarengeje ikiringo kizwi n’amategeko batitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka.

Abo bashingamateka bayoboka Karori NDITIJE bakuwe ku rutonde rw’abashingamateka b’Uburundi ni umunani barimwo NDITIJE Karori, BUSOKOZA Bernard, Yves SAHINGUVU, Tasiyano SIBOMANA, Evariste NGAYIMPENDA, GASUHUKE Jacques, MIZERO Mireille hamwe na NDIKUMASABO Therence.

Tasiyano SIBOMANA, umwe muri abo bashingamateka bakuwe ku rutonde, akaba n’umuvugizi wa UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE, yamenyesheje ko iyo ngingo ya sentare yubahirizwa ibwirizwa shingiro itaje guhindura aho bahagaze mu ngingo bafashe y’ukutaja mu nzego zitubahirije ibwirizwa shingiro, akavuga ko bari biteze ko iyo ngingo ibafatirwa. Asaba ahubwo ko hotunganwa ibiganiro vy’amahoro vy’ukurondera umuti w’ibibazo biri mu Burundi.

siob