Général Major Silas NTIGURIRWA yasubiye kwizerwa n’umukuru w’igihugu

0

Général Major Silas NTIGURIRWA yahoze arongoye ingabo ziri kugarukana amahoro muri Somaliya (AMISOM) yagenwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu mabanga y’ukuba umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’umutekano w’Uburundi.

sisi

Général Major Silas NTIGURIRWA yashikirijwe ayo mabanga kuri uwu wa gatatu, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/191 ryo kuwa 23 Myandagaro 2016.

Iyo ntwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi, Général Major Silas NTIGURIRWA, yaheruka gukurwa mu mabanga yarimwo, asubirizwa na Prosper BAZOMBANZA mu buyobozi bukuru bwa INSS (Institut National de sécurité Sociale), ishirahamwe rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi.