Général KARARUZA n’umuryango wiwe bashinguranwe iteka

0

Ibiro vy’ugushingura Général KARARUZA Athanase aheruka kugandagurwa vyabaye kuri uwa wa gatandatu, iyo ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi ikaba yashinguwe hamwe n’umupfasoni wayo, hamwe n’umwana wiwe w’umukobwa, bose bakaba bagandaguwe umunsi umwe barashwe.

Ivyo birori vyabereye mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, inyuma y’imisa yabereye kw’isengero ryitiriwe Mutima Mweranda.

hom2

Tubibutse ko Umukobwa wa Général Kararuza Athanase yari mu bitaro kuva kuri uwu wa mbere, inyuma y’amasasu yarashwe mu gitero cahitanye se na nyina, nawe yitavye Imana kuri uwu wa kane, akaba yari amaze iminsi ine ariko avurirwa mu bitaro vyitiriwe abasirikare vyo mu Kamenge. Ico gitero cahitanye abavyeyi b’uwo mwana Daniella MPUNDU KARARUZA nawe nyene yahavuye yitaba Imana cabaye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, mu gihe Général Athanase KARARUZA yari avuye muhira agiye ku kazi n’umupfasoni wiwe, ari kumwe kandi n’umwana wiwe w’umukobwa yari atwaye kw’ishure.

daaaa

Tubamenyeshe kandi ko abasirikare bane baheruka gutabwa muri yompi bagirizwa urupfu rwa Général Athanase KARARUZA barengutse mu butungane kuri uwu wa kane. Abo basirikare uko ari bane bose bari kw’ipete rya Caporal.

Abo bamvirijwe n’ubutungane ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko amatohoza abandanya kugira abakoze ubwo bwicanyi, hamwe n’ababuteguye batabwe muri yompi.

hom1

Caporal Roger Gateretse hamwe na Caporal Prosper Nikoyagize bahora bacunga umutekano ku rugo rwa Général Fabien Nzisabira, yashinzwe amabanga mu gihugu c’Ububirigi (attaché militaire). Urwo rugo narwo rukaba ruri muri karitiye ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, ari naho abo basirikare babiri bafatiwe.

Inyuma y’urupfu rwa Général KARARUZA Athanase, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’indwi imwe gusa kugira inzego z’umutekano zizobe zafashe kandi zashikirije ubutungane abagandaguye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ati : « Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane. »