Gen Godefroid NIYOMBARE na Hussein Radjabu barwanira uburongozi bwa FOREBU

0

Mu gihe ibibazo vya poritike y’Uburundi bisa n’ibitariko biratorerwa inyishu, umuhari FOREBU wiyemerera ko wafashe ibirwanisho kugira wiyamirize ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, uvuga ko witeguriye gutanguza urugamba rw’ukurwanya ubwo butegetsi.

Uwo muhari FOREBU (Forces Républicaines du Burundi) yatangujwe mu mwaka w’2015, inyuma y’aho igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZA ryankiye, General Godefroid NIYOMBARE, ari nawe yashikirije ijambo ry’uguhirika ubutegetsi bw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, akaba ariwe yamenyesheje ko arongoye uwo muhari.

baret

Mu butumwa bw’amajwi bwashikirijwe n’umuvugizi wa FOREBU Edouard Nibigira yahoze mu giporisi c’Uburundi, yamenyesheje ko General Godefroid Niyombare ariwe aramutswa uburongozi bwa FOREBU.

Muri ubwo butumwa, Edouard Nibigira yamenyesheje ko abandi bari mu burongozi bwa FOREBU ari colonel Jules Ndihokubwayo, yahoze mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya akaba ari umukuru w’ingabo, icegera ciwe akaba lieutenant-colonel Edouard Nshimirimana.

Hussein Radjabu yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD, akaba n’umwe mu bategetsi bagize uruhara rukomeye mw’itanguzwa ry’umuhari wa FDD, avuga ko nawe ari mu muhari FOREBU, ariko akaba avuga ko uwo muhari utarongowe na General Godefroid NIYOMBARE nk’uko bivugwa, ahubwo ko uwo muhari uriko uritunganya kugira ushizeho indongozi zawo za gisirikare.

raja