Amipro wa Buja Fm yoba agiye kwahukanisha Peter Niyo biciye mu kiganiro ciwe Ambiance Love?

0

Nyuma yo gushira ahabona ko agiye gushira ahabona indirimbo nshasha yitwa Ambiance Love,abantu batandukanye bamaze gutangura kuvuga kubijanye niyo ndirimbo aho bavuga ko Amipro yoba ari mu bantu batumye iyo ndirimbo isohotse kuko ngo minsi yose mu kiganiro ciwe uyo mumenyeshamakuru yama atasha uyo mwigeme asanzwe akundana nuyo muririmvyi Peter Niyo
ambiance love cover
Ku muugoroba wuyu wa kane igenekerezo rya 18/8/2016,Peter Niyo akaba yashoboye gutanga umuco kubijanye niyo ndirimbo Ambiance Love,Peter Niyo akaba yavuze ati:
Slt !Nagomba ntange umuco A propos y’indirimbo shasha ”Ambiance Love” kuko abantu benshi baguma bambaza igituma indirimbo yanje yitwa”Ambiance Love” kandi ikaba yitiranw n’ikiganiro c’Amipro wo kur Buja FM kiba sayine j’ijoro (22h00) ukur nuko iyo émission y’Amipro igiye kuzonsambuza kuko chaque fois kuko nifuje kuganira nuwo nkunda sayine z’ijoro ambwirango mbendaretse gato turaza kuvugana hanyuma émission ”’Ambiance love”’Nishida kweli……..”Ambiance love”coming soon
Aya majambo rero akaba agiye gutuma haza icuka kibi hagati yuyo muririmvyi Peter Niyo n’umumenyeshamakuru wa Buja Fm

Tukaba tubemereye ko iyo ndirimbo isohotse tukazoca tuyibashikiriza hano ku kinyamakuru cacu ubmnews