Uruja n’uruza mw’ishamba rya Rukoko rwahagaritswe

0

Ubuyobozi bw’intara ya Bubanza bwafashe ingingo ko ata munyagihugu n’umwe arekuriwe kwinjira mw’ishamba cimeza rya Rukoko, yaba abaja kuharagirira inka, abacana amakara, abarima, abaja kuronderayo inkwi canke kurangura ikindi gikorwa icarico cose. N’abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Campany bararira ibikaju vy’umurwizatunga Nahumu BARANKIRIZA, basabwe kuva muri ico kibanza.

Iyo ngingo yatanguye gushirwa mu ngiro kuri uwu wa gatatu, yafatiwe mu nama y’abajejwe umutekano muri komine Gihanga, intara ya Bubanza, inama yari iy’ukurabira hamwe igituma umutekano muri iyo Komine uguma uhungabanwa n’abantu bitwaje ibirwanisho bategera imiduga bakiba bakongera bakanyuruza abantu, kenshi mu guhunga bagaca mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Muri iyo nama, abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company bararira ibikaju biri mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagirijwe ko boba bakingira ikibaba abo bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, kuko boba binyegeza muri iyo mirima, abo banyezamu ntibabivuge. Abo bakozi bakagirizwa kandi ko boba bakorana n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho iva muri Congo ije guhungabanya umutekano mu Burundi.

koko

Buramatari w’intara ya Bubanza akaba yaciye afata ingingo y’uguhagarika uruja n’uruza mw’ishamba cimeza rya Rukoko, abo bararira imirima y’ibikaju muri iryo shamba bakaba bagiye kugirwako amatohoza kugira barabe ko ivyo bagirizwa arivyo. Mu gihe bosanga arivyo, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko abo bakozi bazoca birukanwa, hahabwe akazi abandi bakozi bazotanga imwidondoro yabo yose, kandi bashobora guhanahana amakuru n’abajejwe umutekano. N’inka izofatwa ijabutse ibarabara rya Bujumbura – Rugombo, ifashe ibarabara rija mw’ishamba rya Rukoko, izotangishwa ihadabu ry’amafaranga y’abarundi agera ku bihumbi ijana.