Général Cyrille NDAYIRUKIYE na bagenzi we ntibumvirijwe n’ubutungane

0

Inyuma y’aho uwari yaserukiye Reta mu rubanza rwa mbere yungururije, sentare ntahinyuzwa, igisata gica imanza z’ivyaha, yari yatumyeko kuri uwu wa mbere abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ariko urwubanza rukaba rutumvirijwe kuri uwu wa mbere nk’uko vyari bitegekanijwe, kubera hari abatari bwaronke umwanya w’ugusoma ivyo bagirizwa, hamwe n’ibirego bitari bikwiye. Urwo rubanza rukaba rwaciye rwungururizwa kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2016.

Général Cyrille NDAYIRUKIYE yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi, hamwe na bagenzi we bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, bakaba kandi bagirizwa kandi bononye ibikoresho vya Reta, ivy’igisirikare, ivy’igiporisi hamwe n’ivya REMA. N’aho bamaze guciribwa urubanza, uwaserukiye Reta mu rubanza rwa mbere yamenyesheje ko atashimye aho intahe ishize, aca arunguruza.

nibo

Mu rubanza rwa mbere, bamwe baciriwe umunyororo, abandi bambikwa izera. Urubanza rwabo rwaciwe bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abaporisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye, Juvenal Niyungeko batazira Kiroho, Zenon Ndabaneze hamwe na Hermenegilde Nimenya, bose baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Umurwi wa kabiri,ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel, Capitaine na Major baciriwe gupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.

Umurwi wa gatatu ugizwe n’abasirikare n’abaporisi bato bato, bamwe bari abagendesha imiduga abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa General. Abo baciriwe gupfungwa imyaka 5.

Umurwi wa nyuma ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo General Prime Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano hamwe na colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Hagabimana Richard.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!