Iry Tina arifuriza umunsi mukuru mwiza abakenyezi

0

Umuririmvyi w’umurundikazi ariko asanzwe akorera akazi kiwe mu gihugu c’ubuganda ariwe Iry Tina arifuriza umunsi mukuru mwiza abakenyezi bose iyo bava bakagera na cane cane umuvyeyi wiwe

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,iry tina akaba yanditse yifuriza umunsi mukuru abakenyezi na cane cane umuvyeyi wiwe,iry tina akaba yanditse ati:Happy Women’s day To strong independent Ladies!!!!mpereke kuri Maman wanje.Ndabakunda cane !!!!
tina

Twobamenyesha ko iry tina ari umuririmvyikazi w’umurundi akunzwe cane mu gihugu c’ubuganda,akaba azoshika ejo ku kibuga c’indege ca bujumbura aho azoba aje kwifadikanya n’abandi bakenyezi mw’isabukuru ry’abakenyezi rizoba kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 12/3/2015 kuri hotel club du lac tanganyika

Kubatamuzi raba hano amwe mu masanamu y’indirimbo ziwe: