”Ushaka Nsare”niyo ndirimbo nshasha ya Masodja yero yero na Mt number one

0

Umugwi wa hano mu gihugu c’uburundi Masodja yero yero ufadikanije n’umuririmvyi w’umurundi ariko asanzwe akorera umuziki wiwe mu gihugu ca Reta Zunzubumwe za Amerika ariwe Mt Number one barasohoye indirimbo iryoshe cane,indirimbo bise ”Ushaka Nsare”
masodja yero yero na mt number one

Baganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews abahurikiye mu mugwi Masodja yero yero bakaba baratubwiye ko bakoranye indirimbo na Mt number one kuko ari umwe mu baririmvyi b’abarundi bemera kandi bakunda akazi kiwe,bakanamenyesha ko ari ikintu bama bipfuza gukora kuva kera ariko bakaba baronse akaryo ko kubikora ubu uyo muririmvyi Mt number one ari hano mu gihugu ciwe mu karuhuko

Tworangiza tubamenyesha ko vuba muziokwumva iyo ndirimbo hano ku kinyamakuru cacu ubmnews