UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Evariste Ndayishimiye na Paul Kagame basabwa gukubungabunga amahoro n’umutekano mu karere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye igihugu ca Sudani y’epfo Prezida Salva kiir akaba asanzwe arongoye ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko atera akamo Evariste Ndayishimiye na Paul Kagame guterera mu kubungabunga amahoro n’umutekano mu karere na cane cane muri Kongo.N’inyuma yaho Salva Kiir agendeye ivyo bihugu bibiri mur’iyi ndwi twaraye turangije.

Kubw’amakuru dukesha i radiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu,Salva kiir yamenyesheje abakuru b’ibihugu bose ko amasezerano y’I Nairobi na Luanda bitegerezwa gushirwa mu ngiro kugira umutekano ntubandanye uhungabana muri Kongo.ivyo bakaba babihurijeko Salva kiir na Kagame mu Rwanda.k’uruhande rwa Ndayishimiye na Salva kiir nabo nyene babihurijeko ku wa gatanu I Bujumbura.Salva kiir agasaba kandi ko hakwiye kuba imigenderanire myiza hagati y’urwanda n’uburundi abantu bagasubira kugenderanira uko vyamye.

Igihugu c’u Rwanda n’uburundi vyagumye bivurwa ko biri mu bahungabanya umutekano mu gihugu ca Kongo aho u Rwanda rwagirizwa na Kongo n’amakungu gushigikira umuhari M23 uri kurwanira ku butaka bwa Kongo u Rwanda narwo rukagiriza Kongo gufashanya n’interahamwe zakoze ihonyabwoko mu Rwanda.Uburundi nabwo bwagumye buvurwa mu kurungika abasirikare baja gufasha igisoda ca Kongo aho mbere n’abasoda benshi boba barahasize ubuzima.

Intambara ntamahoro itanga Atari gusambura rero harakenewe ibiganiro bidakumira kugira abo bose berwa n’amatati yo muri Kongo bicarane kumeza imwe y’ibiganiro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments