UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

FOCODE iriyamiriza inyuruzwa ryibonekeza mu batavuga rumwe n’ubutegetsi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingwamanza akaba n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu FOCODE Janvier Bigirimana ariyamiriza inyuruzwa ryasubiye kwibonekeza mu batavuga rumwe n’ubutegetsi cane cane aba CNL mu bice bitandukanye vy’igihugu Leta ntishobore kubihagarika.


Janvier Bigirimana avuga ko icaha co kunyuruza abantu mu gihugu bakaburwa irengero gituntuza imiryango mbere kikazanira imivumo kubayobora uburundi kandi amenyesha Leta ko kutavuga rumwe n’ubutegetsi bidasigura kuba umwansi w’igihugu hama ngo wicwe canke unyuruzwe.

Janvier Bigirimana agira ati:«hari akaga ko kunyuruza abantu kasubiye kwibonekeza cane cane abanywanyi b’umugambwe CNL bariko baratotezwa ku rugero rudasanzwe.ibi vyo kunyuruza abantu bisanzwe ari ikirwanisho ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwakoresheje kuva mu mwaka wa 2015 aho abarundi beshi bagiye baranyuruzwa bakaburwa irengero uyu musi ubutungane n’inzego zijejwe gukora amatohoza akaba ata nakimwe bakoze ngo bashobore guhumuriza imiryango y’abo banyu banyuruzwa.rero turahagaritswe umutima kubona ivyo kunyuruza abantu nkuko bisubiye kwibonekeza na cane cane ko biba vyerekeza ku mugambwe watotejwe cane mu buryo budasanzwe.turatera ivyatsi twiyamiriza iryo nyuruzwa tubwira abategetsi b’uburundi ko ico caha ari kibi cane gituntuza imitima y’abantu kikazanira imivumo ku gihugu».

Umushingamateka Agathon Rwasa akaba n’uwurongoye umugambwe CNL yaheruka kumenyesha uwurongoye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH igihe yari mu nama nshingamateka ko hibonekeza ibitigiri vy’umurengera vy’abanywanyi b’umugambwe CNL kandi bigaragara ko bahorwa ubusa.ariko Sixte vigny Nimuraba atwara uwo murwi akamumenyesha ko bobo badafata ingingo ko ivyo ari ibibazo vy’ubutungane.

Leta y’uburundi ikwiye guhagurukira abantu banyuruza abandi bitwaje inguvu bafise muri Leta kuko igihugu kiragwamwo inyuruzwa ry’abantu nta munyamitahe n’umwe azohahonyoza ikirenge ngo aze gukorera imigambi mu Burundi.hakwiye kubaho kunywana hagati y’imigambwe itari muri Cndd-Fdd kugira icuka ca Politike kibe ciza narirya twimirije amatora.kutavuga rumwe n’ubutegetsi benshi babifata ko uba uri kurwanya Leta ariko hariho ibikorwa vyinshi cane bakebura Leta ikabifatirako mu kubaka igihug.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments