UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leya y’uburundi isaba urwanda kurungika abarongoye umuhari Red Tabara bacirirwe urubanza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi ibicishije k’umunyamabanga mukuru wa Leta y’uburundi akaba n’umuvugizi wayo Jerome Niyonzima isaba Leta y’urwanda kurungika abarongoye umuhari Red Tabara ucumbikiwe n’igihugu c’urwanda wama wateye abanegihugu bitekaniye.N’inyuma yaho kuri uyu w’Imana uwo muhari Red Tabara ukoze igitero i Buringa mu ntara ya Bubanza kigahitana abantu n’ibintu bitari bike.


Jerome Niyonzima agira ati:«Umurwi w’iterabwoba witwaje ibirwanisho Red Tabara warateye umuryango wari usanzwe uri mu kigandaro I buringa mu ntara ya Bubanza kigahitana abantu n’ibintu bitari bike aho abantu 9 bahasize ubuzima n’abakomeretse 5 imodoka 2 n’ipikipiki zaraturiwe hamwe n’ingoro y’umugambwe Cndd-Fdd irasamburwa.Leta y’uburundi iratera ivyatsi ico gitero kigayitse cakorewe abene gihugu bitekaniye bakaba bari basanzwe bari mukigandaro.Leta y’uburundi ikaba ihojeje abanyagihugu baburiye ababo murico gitero kigayitse.Leta y’uburundi irasubiye kwiyamiriza inyifato y’igihugu c’urwanda giha imyimenyerezo n’ibirwanisho umuhari w’iterabwoba Red Tabara udasiba guhekura abarundi.Leta y’uburundi isaba Leta y’urwanda kurungika abarongoye uwo murwi ucumbikiwe mu Rwanda bacirirwe urubanza»

Umuhari Red Tabara ukaba wahavuye wemanga ico gitero nkuko tubisoma ku rubuga rwawo rwa X(twitter)uwo muhari wamenyesheje ko wakoze ibitero bibiri I buringa mu ntara ya Bubanza.uwo muhari waheruka gukora ikindi igitero cari cabaye muri Kigarama mu mwaka uheze wa 2023 mu gatumba cahitanye abantu bashika 20 naho nyene uwo muhari waremanze ico gitero.

Leta y’uburundi rero ikaba nubu yagiriza Leta y’u Rwanda ko iri inyuma y’ici gitero.ubuheruka Leta y’uburundi yafashe ingingo yo kugara imipaka bihana n’igihugu c’urwanda kubera ifasha imirwi y’iterabwoba iza guhungabanya umutekano mu Burundi ivuye mu Rwanda.imigenderanire ikaba yarasubiye gutosekara.

Twama twabivuze intambara isasenyura ntiyubaka,ntavyiza vy’intambara abafise ivyo basaba bakwiye kubisaba biciye mu nzira z’ibiganira ariko batishe inzira karengane.Leta y’uburundi nayo irakwiye kwumviriza abo bahungabanya umutekano w’abenegihugu ico bipfuza hama botorerwe umuti igihugu kibe mu mahoro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments