UBM News ads

Donald Trump nubu ‘abona ko Uburundi bukiri mu bihe bidasanzwe’

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Leta Zinze Ubuwe za Amerika, Donald Trump, nubu aracabona ko Uburundi buri mu bihe bidasanzwe kubera ‘imimerere idasanzwe yigaragaza mu Burundi’.

Ku bwivyo, abicishije ku nama nshingamateka y’ico gihugu, Trump yatumye Uburundi bubandanya bufatwa n’ingingo yafashwe kera kuva mu mwaka wa 2015 yuko ‘Uburundi buri mu bihe bidasanzwe’ ibandanya.

Ni ingingo yafashwe biciye mw’itegeko ry’umukuru w’ igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika inomero 13712, ryasinywe itariki 22 z’ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2015.

Donald Trump yamenyesheje ko mu vyatumye Uburundi bubandanya musi yiyo ngingo ari uko ‘mu Burundi hakivugwa ubwicanyi n’ayandi mabi akorerwa abanyagihugu, ugufunga bamwe n’abandi, amajambo azana urwanko, gucanamwo n’ukutihanganirana mu vya politike’.

Kubwa Trump, icuka kibi kiri mu Burundi  kirabangamiye amahoro, umutekano n’iterambere rirama vy’Uburundi n’akarere burimwo.

Muri urwo rwandikio rwa Trump, ameneysehje ko igihugu ciwe n’ibindi bihugu BIBANGAMIWE  n’ico cuka kibi kiri mu Burundi.

Ku bw’ivyo nk’uko Trump yabimenyesheje, Amerika izokomeza ingingo yafashe yo kwama yiteguye mu ntumbero yo guhangana n’ibibazo vy’umutekano muke mu Burundi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments