Inyuma y’imisi 29 abamenyeshamakuru bane harimwo n’umushoferi akorera ico kinyamakuru bafashwe bagafungwa mu ntara ya Bubanza aho bari bumvise inkuru y’igitero c’abitwaje ibigwanisho, sentare y’iyungururizo iri muri komine Ntahangwa yarasubiriye kubumviriza kur’uyu wa mbere.

Abo bamenyeshamakuru bane n’ababuranira bakaba basaba ko boburana bidegemvya bakabandanya bitaba ubutungane. Mwomenya ko ari incuro yakabiri babisaba ariko ubwa mbere sentare nkuru ya Bubanza ikaba yarabibankiye. Bakaba bagirijwe kwifatanya nabari bagavye ico gitero.
Inzego zijejwe kumenyesha amakuru nk’ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora m’Uburundi n’ubushikiranganji bujejwe Ibimenyeshamakuru bakaba bemeza ko umumenyeshamakuru ashobora gushika aho yumvise inkuru, bakizeza ko ubutungane buzokwiga neza i dosiye yabo bamenyeshamakuru hama ifate ingingo. Iyo ngingo nayo yo kurekurwa ivyagateganyo ikaba ifatatwa haciye amasaha 48 bumvirijwe.





Recent Comments