UBM News ads

Inama y’Abakuru b’ibihugu vya EAC yimuriwe mu mwaka uza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko yari yitezwe kuba mu mpera za kuno kwezi turimwo kwa Munyonyo ikaba yimuriwe mu mwaka uza wa 2020 naho ukwezi kutavuzwe.

Ivyo biri mu rwandiko rwasohowe n’Urwanda rwaciye ruja ahaboma ku mbuga ngurukana bumenyi bidakenewe ruvuga ko iyo nama yasibijwe kandi.

Naho Urwo rwandiko rw’Urwanda rwari rwavuze ko ‘kimwe mu bihugu vya EAC’ casavye ko iyo nama ya EAC yokwunguruzwa, vyahavuye bimenyekana ko Urwanda arico gihugu catumye yo nama yunguruzwa.

Olivier Nduhungirehe yamenyesheje ko igihugu ciwe cabonye ko iyo nama yokwunguruzwa. Bikaba vyitezwe ko ishobora kuba mu kwezi kwa mbere canke mu kwezi kwa kabiri mu mwaka wa 2020.

Mwonenya ko igihugu c’Urwanda arico ubu gihagarariye Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko.

Abihweza ibintu n’ibindi ibi bikaba vyatumwe n’imigenderanire mibi Urwanda rufitaniye n’Ubuganda hamwe n’Uburundi.

Ibindi bihugu vya EAC nka Tanzania, Sudani y’Epfo hamwe na Kenya bisa n’ibirorera  gusa mu gihe ibindi bihugu bigenzi vyavyo biri mu migenderanire mibi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments