Concilie NIBIGIRA ntakiri umukuru w’umugambwe UPRONA

0

Umugambwe UPRONA uramutswa indongozi nshasha kuva kuri uwu w’Imana. Abel GASHATSI niwe yatowe nk’umukuru w’uwo mugambwe, mu nama rukokoma yabereye mu ntara ya Gitega, kw’iseminari nkuru yitiriwe Jean wa kabiri.

gaga

Abel GASHATSI yatowe ku majwi 785, akaba yarushije André NDAYIZAMBA bariko barahiganwa muri ico kibanza. Icegera ciwe ni Etienne Simbakwira, nayo umunyamabanga w’uwo mugambwe yatowe ni Olivier NKURUNZIZA.

Muri iryo koraniro ry’umugambwe UPRONA, hashinzwe urwego rushasha rwitwa inama nkuru y’umugambwe, ruzoba rugizwe n’abantu batandatu. Urwo rwego rusubirira umurwi wahahora ujejwe ivy’inyifato n’indero.

Abel GASHATSI agiye mu kibanza cahoramwo Conciliya NIBIGIRA atitoje muri ayo matora yabaye kuri uwu w’Imana.

cooc