Colonel BIZUBONA yishwe : Hussein RADJABU aravuga ico amuziko

0

Igisirikare c’Uburundi cabuze iyindi ntwazangabo yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. Colonel BIZUBONA Emmanuel yagandaguwe n’abantu bataramenyekana bamurasiye muri karitiye ya Bukirasazi, mu gihe yariko arataha.

Amasasu yahitanye ubuzima bwa Colonel BIZUBONA Emmanuel yumvikanye nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu, kw’ibarabara rya 5 muri karitiye ya Bukirasazi ya mbere, muri zone ya Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Colonel BIZUBONA Emmanuel yaraye agandaguwe yakorera mu gihugu ca Tanzaniya, aho yari yarungitswe n’igisirikare c’Uburundi, nka « attaché militaire ».

bizu

Iyo ntwazangabo yagandaguwe, Colonel BIZUBONA Emmanuel yinjiye igisirikare c’Uburundi avuye mu mirwi irwana (ex PMPA : Partis ou Mouvements Politique Armés), akaba yari mu karuhuko mu gihugu c’Uburundi.

Hussein Radjabu yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD, akaba n’umwe mubatanguje umuhari urwana wa FDD, amenyesha ko Colonel Buzubona Emmanuel yari amaze imisi yarafashwe maze aja gusambishirizwa mu biro bikuru vy’iperereza. Yafashwe yarementanyirijwe ko akorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Nk’uko Hussein RADJABU abandanya abishikiriza, abarongoye iperereza bararemerewe n’abazi iyo ntwanzangabo yishwe, bamuvugira ko ariko ararenganywa ku buryo hari hatanguye no kuba icuka kibi. Radjabu avuga ko Colonel BIZUBONA Emmanuel yari incabwenge kandi akaba yari afise umubano mwiza. Kuba yaravugiwe na benshi iperereza ryaramurekuye maze abatari bake mu karwi kari kamufatishije gapfundika umugambi wo kumugandagura, bikavugwa ko yari mu binuba ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA ari navyo bamuzijije mu kumugandagura.

radja

Huseein Radjabu avuga ko iyo ntwazangabo iyo yaciye haba muri Tanzania aho yari yarungitswe muvyo gutanga inyigisho, haba muri Congo aho ubutegetsi bwakunda kumurungika kurangurirayo ibikorwa bimwe bimwe, hose azwi neza.