Uwaneguye ivyashikirijwe na Gaston SINDIMWO yatawe muri yompi

0

Aimable Bakundukize arongoye umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yafashwe kuri uwu wa gatanu, imbere y’ahakorera ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu. Uwo yahagaritswe yari yitavye isango yahawe n’icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu gihe yari arindiriye ko ahabwa « murekarengane » (Laisser- passer), kugira yinjire ahakorera icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, kw’isango (Rendez-vous) yari yahawe na Abel Gashatsi, icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe n’abantu babiri, umuporisi umwe, hamwe n’uwundi muntu yambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile), aca atwarwa mu kibanza kitaramenyekana.

Aimable Bakundukize, umukuru w’umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yaheruka gushikiriza ko yaneguye ijambo ryashikirijwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba mbere muri iryo tangazo yamusavye gusokora ivyo yashikirije.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aheruka gusaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ko bosubira iwabo, icegere ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo akaba yababwiye ko botaha iwabo canke bagasaba uruhusha rw’ukuba mu Burundi nk’ingenzi (Tourisme).