Abamaze kwicwa bazira ikiringo ca gatatu baharurwa mu 381

0

Jean Baptiste Baribonekeza umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yabwiye abashingamateka kuri uwu wa gatatu ko igitigiri c’abamaze kugandagurwa kuva mu kwezi kwa kane 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA ari abantu 381.

Muri uwo murwi w’igihugu bamenyesha ko abahohotewe bagera kuri 27, mu gihe ababuriwe irengero nabo baharurwa muri 19.

tortu

Ico cegeranyo umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) watanze kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2016 mu nama nshingamateka, ntigihura n’ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe APRODH rijejwe agateka ka zina muntu hamwe n’akapfunzwe.

Kubwa ONU, abantu bagera ku 474 nibo bamaze kwicwa, mu gihe ishirahamwe APRODH ritanga igiharuro ca 690 kandi rikamenyesha ko ribifitiye ivyemeza.