Uwigeze kuba umutegetsi akomeye mu Rwanda yapfiriye mw’ibohero rikuru rya MPIMBA

0

Jacques Bihozagara yigeze kuba umushikiranganji mu Rwanda ajejwe gutahukana impunzi, aba umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, yongera aba kandi uwuserukira Urwanda mu Bubirigi hamwe no mu Bufaransa, yapfiriye mu Burundi kuri uwu wa gatatu aho yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mu kwezi kwa Kigarama 2015.

Mu gihe kuri uwu wa gatatu yumvise atamerewe neza mu mubiri wiwe, amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko Jacques Bihozagara yaciye aja kwivuriza kw’ivuriro riri aho nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yavuye apfira ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, bikavugwa ko yahitanwe n’ishano yaririye muri iryo bohero. Ayo makuru ntaremezwa neza, tukaba tuzoyagarukako mu nkuru zacu zo hanyuma.

zaga

Uwuserukira Urwanda mu Burundi, Amandin Rugira, yavuze ko yamenyeshejwe gusa inkuru y’urupfu rwa Jacques Bihozagara, ariko ko ataramenyeshwa icamuhitanye. Ikiziga ciwe cavanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kikaba cajanwe mu buruhukiro.

Jacques Bihozagara yafashwe kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2015, mu Burundi aho yari asanzwe aba haraheze imyaka myinshi. Bakimufata bamwagirije ko ari mu Burundi atagira ivyangombwa, kandi ko yoba ariko akorera igendereza ry’Urwanda, aca ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura, ari naho yasandabiye.

Jacques Bihozagara niwe wa mbere yarongoye ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imicokama mu Rwanda inyuma y’ihonyabwoko ryabaye muri ico gihugu. Yabaye kandi uwuserukira ubwa mbere Urwanda mu Bufaransa kuva ubwo buserukizi busubiriye kwugururwa, aserukira kandi Urwanda mu Bubirigi.