Abashingamateka batakurikiye abayoboka RWASA Agathon bakuwe ku rutonde

0

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yashize mu ngiro ivyari vyasabwe na Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, akaba n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD. Abashingamateka b’urunani rw’abigenga AMIZERO Y’ABRUNDI bataritaba na rimwe ibikorwa vy’inama nshingamateka y’Uburundi kuva itangura bakuwe ku rutonde rw’abashingamateka b’Uburundi.

Abashingamateka bakuwe ku rutonde bagera ku munani bayoboka umushingamateka Karori NDITIJE, abo nabo akaba ari Karori Nditije arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, Bernard Busokoza na Yves Sahinguvu bompi bigeze kuba ivyegera vya mbere vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ngayimpenda, Jacques Gasuhuke, Mireille Mizero, Thérence Ndikumasabo, hamwe na Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA ishami ritemewe n’ubutegetsi. Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yabahoye ko bakwije ibisibo 29 bitagira insiguro, mu bikorwa vy’inama nshingamateka vy’ukwezi kwa Gitugutu.

Abo bashingamateka bayoboka Karori NDITIJE mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bakuwe ku rutonde rw’abashingamateka b’Uburundi mu gihe bagenzi babo bayoboka RWASA AGATHON bari muri urwo runani nyene babarizwa mu nama nshingamateka y’Uburundi, isanzwe mbere ifise RWASA Agathon nk’icegera ca mbere c’umukuru wayo. Abatowe bose hamwe muri urwo runani ruyobowe na Karori NDITIJE hamwe na RWASA Agathon ni abashingamateka 30.

Muri UPRONA iyobowe na Karori NDITIJE bamenyesha ko batatangajwe n’iyo ngingo kuko bari bazi ko ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA ariko buzovyifatamwo, agashimira abamuyoboka bemeye kwubahiriza ingingo yafashwe y’ubuyobozi bwa UPRONA yavuga abatowe batokwitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka y’Uburundi bagirije ko itisunze amategeko kandi itubahirije amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro.

Tubamenyeshe ko mu birori vy’ugutanguza ibikorwa vy’inama nshingamateka vy’ukwezi kwa kabiri umwaka w’2016 kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2016, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yibukije ko hari abashingamateka bo mu runani AMIZERO Y’ABARUNDI bataritaba na rimwe ibikorwa vy’inama nshingamateka. Pascal NYABENDA yamenyesheje ko ibiro vy’inama nshingamateka y’Uburundi bigiye kwitura inzego zibijejwe (Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro) kugira abo bashingamateka basubirizwe, ivyo yasavye bikaba vyagiye mu ngiro kuri uwu wa kabiri.