CNARED : « Ikibazo ca poritike gishobora guhindukamwo intambara »

0

Mu runani CNARED rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura basubiriye kwibutsa ko ibibazo biri mu Burundi atari ivy’ubwoko, ahubwo bijanye n’ugushaka guhonyanga amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi riyakomokako. CNARED yasubira gusaba ko ibiganiro bidakumira vyotunganywa kugira umuti w’ibibazo wumvikanweko n’impande zose.

mans

Muri CNARED (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi) bamenyesheje ko mu gihe inzira y’ibiganiro itoshirwa imbere, ubutegetsi butotangara ikibazo ca poritike cari gihari gihindutsemwo intambara, ivyo muri CNARED bakabivuga bisunze ko hari n’imirwi imaze kumenyesha ko ifashe ibirwanisho vy’ukurwanya ubutegetsi, aho bakavuga imirwi ya FOREBU na RED TABARA, n’iyindi itarivuga.

Urunani CNARED ruhamagarira Afrika hamwe n’ayandi makungu, ko ingingo zose zofatwa kugira bakinge ko ikibazo ca poritike cohindukamwo intambara. Umuhuza w’Abarundi mu biganiro vya poritike Benjamin William Mkapa, hamwe n’umukuru w’igihugu wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni basanzwe bafashanya muri ico gikrwa bakaba nab basabwe gutumako ibiganiro.