Young Dany wa Best Life Music yoba yaronse umukunzi Mushasha?

0

Hari ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 24/9/2016 kw’ishure rya Independante mu giteramo cari catumiwemwo abaririmvyi bavuye mu gihugu ca Tanzania niho umuririmvyi ahurikiye mu mugwi Best Life Music yashoboye kuboneka arikumwe n’umwigeme yatanganje benshi bivanye n’inyambaro yari yambaye

Ivyo rero bikaba vyaratangaje benshi,isinzi ry’abantu ryari ngaho aho benshi bibajije ibibazo vyinshi,
Bamwe bati: Young Dany yoba asigaye ari mu rukundo nuyo mwigeme,abandi bati: Young Dany yataye akaranga mu kugendana nuyo mwigeme yari yambaye ukuraho
young-dany
Nyuma yo kwumva amajambo avugwa kuri abo bantu babiri,ikinyamakuru cacu ubmnews caregereye Young Dany wa Best Life Music kugira ashobore gutanga umuco ariko kikaba caramukenye

Tworangiza tubamenyesha ko atari irya mbere Young Dany aboneka arikumwe nuyo mwigeme kuko rigira incuro ya gatatu