Cibitoke : Umutamakazi yishwe akerewe izosi

0

Capitoline Ntarwimo ni umutamakazi w’imyaka 51 yaraye yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu kabiri rishira uwa gatatu ku musozi Kagurutsi, zone Rubona, komine Mugina, intara ya Cibitoke. Uwo mutamakazi yishwe akerewe izosi, umubiri wiwe ukaba wari wuzuye ibikomere, yatemagujwe umupanga.

N’abana biwe batatu barakomeretse bikomeye, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro vy’i Mabayi. Nk’uko bishikirizwa n’ababanyi b’uwo yishwe, hari mw’ijoro aho abantu bitwaje imipanga n’ibihiri binjira mu rugo rw’uwo mutamakazi, bashika batemagura uwo mutamakazi n’abana biwe.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, abantu cumi bakekwa ko bari inyuma y’ubwo bwicanyi batawe muri yompi, bakaba bapfungiwe ku gasho ka komine Mugina. Amakuru ava ahagandaguriwe uwo muntu akavuga ko yoba yishwe yagirizwa ko ari umurozi.

Uwo yishwe yagirizwa uburozi agize uwa 14 mu kiringo c’amezi abiri, abajejwe intwaro bagahamagarira abanyagihugu kwirinda kwihanira.