Dj Israel na Bruno Photography bararikira abantu kuja muri star hotel kuri uyu wa gatanu

0

Umwe muba Dj bakomeye cane hano mu gihugu c’uburundi afadikanije na mugenzi we asanzwe akora akazi ko gufotora ariwe Bruno barabeshuza inkuru zimaze iminsi zivugwa ko bazokwitabira ikirori giteguwe kuri uyu wa gatanu ahitwa Mu Bandi Bar ahubwo bakararikira abantu ko boza kuri star hotel kuko ariho bazoba bibereye
israel na bruno
Mu kiganiro bahaye ikinyamakuru cacu ubmnews uko ari 2 bakaba bashoboye kutumenyesha ko ivyo Mu Bandi Bar bari babizi ariko ngo ntibashoboye kumvikana neza ibijanye n’agahembo nico gituma batazoshobora kuboneka aho hantu ariko bakavugako star hotel yabahaye agahembo bashaka kubwivyo ku munsi wa gatanu bakazoba bari muri star hotel

Tworangiza tubamenyesha ko umwe ari umu dj asanzwe akomeye uyo nawe ni Dj Israel mu gihe uwundi ari umwe mu bantu bakomeyze cane mu mwuga wo gufotora