Ubutegetsi bwa NKURUNZIZA bwasiguye igituma butitavye inama yabereye i Kigali

0

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé Nyamitwe avuga ko icatumye Uburundi butitaba inama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Rwanda ari kubera umutekano w’abategetsi bakomeye b’Abarundi utari wizewe.

Iyo nama yabereye mu nyubako nshasha za Rwanda Convention Centre, ikaba yari iyigira 27 y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta y’ibihugu bigize iryo shirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Inama yabaye hagati y’itariki 15 na 18 z’uku kwezi kw’indwi, ikaba ititabwe n’abaserukiye Uburundi mu gihe n’abari bariyo bahawe itegeko ryo kuvamwo itaranatangura.

nyamt

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji Alain Aimé Nyamitwe yavuze ko imvo nyamukuru ari zibiri : umutekano hamwe no kutumvirizwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Umushikiranganji NYAMITWE yamenyesheje ko Uburundi bwari bwasavye kwizwezwa ko umutekano w’ababuserukiye uzocungerwa bikwiye, aho akaba ari igihe mu Rwanda hasanzwe hacumbitse abashatse gutembagaza inzego mu Burundi, nk’uko bivugwa n’uwo mushikiranganji.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko Uburundi bwari bwitwariye Urwanda mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, burwagiriza kuba kw’isonga mu bahungabanya umutekano mu Burundi, ariko iryo shirahamwe ntaco ryabivuzeko.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda imaze ikiringo kirenga umwaka itifashe neza kuva aho hatanguriye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.