Bwiza : Abitwaje ibirwanisho bishe abantu babiri

0

Abantu 2 baraye bishwe barashwe amasasu mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri muri zone Bwiza iri hagati mu gisagara ca Bujumbura. Igiporisi kivuga ko kitaramenya abakoze ubwo bwicanyi bwahitanye umudereva wa taxi hamwe n’uwo yari yunguruje, mu gihe uwundi mukenyezi barikumwe yibungenze yarusimvye ariko agakomereka cane.

Abajejwe intwaro muri komine Mukaza bavuga ko hari nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro, aho humvikana inkoho. Yari abantu babiri bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa Pistolet bategereye imodoka (Taxi) yari igeze ku nzu y’uburaro (Hôtel Gloria) iri kw’ibarabara ry’indwi muri zone Bwiza. Abo bantu bitwaje inkoho bishe umugabo azwi kw’izina rya Gasongo, hamwe n’uwunguruza iyo modoka, Jean Paul NIYONZIMA. Bose bakaba bari bavuye mu bunywero bitwa Escotis busanzwe buri aho nyene muri zone ya Bwiza.

pavag

Abo bantu barashwe mu gihe umukobwa yari kumwe nabo yari yasohotse umuduga, ariko aradodora kuri iyo Hôtel. Abaporisi bakaba baciye baza gutabara, ariko basanze abo bagabo babiri bamaze kwitaba Imana. Uwo mukobwa yaciye afatwa, ku mvo z’amatohoza, nk’uko mu giporisi babimenyesha.

Abanyagihugu b’aho muri zone Bwiza basaba abajejwe umutekano ko ibibanza bigenderwa n’abantu benshi, nk’ubunywero n’ahari uburaro (Hôtels) vyocungerwa, kuko bimaze kuboneka ko abagizi ba nabi bahategerera abantu.