Bururi : Amasasu y’ibikoho bikomakomeye yumvikanye

0

Amasasu menshi y’ibikoho bikomakomeye yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, muri komine Mugamba, intara ya Bururi. Abakoze ico gitero ntibaramenyekana, n’igiporisi kikaba kitaramenyesha ivyononekariye muri iryo hungabana ry’umutekano.

alia

Mu gatondo kuri uwu wa gatanu naho hazidutse harafatwa abantu muri komine Ndava mu ntara ya Mwaro. Abafashwe ni abantu batatu, bakaba bafashwe n’abakozi b’igendereza. Amakuru ava aho muri komine Ndava avuga ko ifatwa ry’abo bantu rifitaniye isano n’igitero cabaye muri iyo komine mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, kigahitana abantu babiri.

Muri iryo joro ryo ku munsi wa kabiri, abantu bitwaje ibirwanisho bakoze igitero ku nzu y’ubudandaji bw’ibinyobwa vya BRARUDI muri komine Ndava, intara ya Mwaro. Abantu babiri nibo baguye muri ico gitero, abandi bane barakomereka.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko hari nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ibiri, aho abantu bitwaje ibirwanisho batera ubunywero buri muri komine Ndava, intara ya Mwaro, bica umuporisi umwe w’intwazangabo, hamwe n’umunyezamu yararira ingoro y’umugambwe CNDD FDD.

Abandi bantu batatu barakomeretse, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko abateye ari abasuma bagiye bivye n’amafaranga atamenyekanye igitigiri.

Abakomeretse baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro vyo mu Kibimba.