Vyukuri Dany wo mu mugwi Best Life Music yoba yahagaritse umuziki?

0

Yari umwe mu baririmvyi bari basanzwe bahurikiye mu mugwi best life music,abenshi bamuzi kw’izina rya dany, akaba ahejeje gushikiriza inkuru yaciye umugongo abakunzi buyo mugwi best life music aho yanditse avugako ahagaritse umuziki,ko atazosubira kandi kuririmba
dany lo
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Dany akaba yamenyesheje ko ahevye burundu ivyo kuririmba,Dany akaba yanditse ati:
Salut ..je m’appelle Dany aka tous ce que vous connaissiez….
Je voule vous informer que j’arrête la musique et que maintenant suis pas membre du groupe Best Life Music suis desole pour tout mes fans et amis.metci pr tout

Mu kirundi akaba yashatse kuvuga ati:ndabaramukije…nitwa dany ariko mushobora kumpamagara uko mwipfuza…
Nashaka ndabamenyeshe ko kuva ubu mpagaritse umuziki kandi ko ntakiri mu mugwi best life music,abakunzi banje n’abagenzi banje mumbabarire muntahure kuri vyose
Ayo niyo majambo uyo muririmvyi yarasanzwe ahurikiye mu mugwi bet life music ariwe Dany yashoboye gushikiriza
Mbega vyukuri Dany yoba yahagaritse umuziki?ico nico kibazo kibandanya kubazwa n’abakunzi b’umuziki ndundi

Ikinyamakuru cacu ubmnews tukaba tubemereye ko tugiye kubatohoreza neza iyo nkuru vuba tukazobaha umuco ukwiye