Natacha Ngendabanka yahawe umubonano n’uwurongoye CNC

0

Umuririmvyi w’umurundikazi asanzwe atavyorosha muri kino gihe ariwe Natacha Ngendabanka yahawe umubonano nuwusanzwe arongoye CNC ariwe Karenga Ramadhani kuri uno wa kane igenekerezo rya 26/5/2015
Nkuko rero amakuru dukesha uwusanzwe ajejwe kumenyekanisha amakuru yuyo muririmvyikazi Natacha Ngendabanka akaba avuga ko icatumye Natacha ahabwa umubonano n’uwurongoye CNC ngo nuko Natacha Ngendabanka yaraje kumubwira kubijanye n’igiteramo kinini cane ariko arategura kw’igenekerezo rya 3/6/2016
natacha n'uwurongoye cnc
Vuba rero ikinyamakuru cacu ubmnews kikaba kibemereye yuko kigiye kumurondera uyo muririmvyikazi kugira aduhe umuco neza ku bijanye nuwo mubonano yahawe,
Natacha Ngendabanka akaba abandanya yerekana ko ari umurimvyi akomeye cane hano mu burundi kandi akwiye kwigirako akarorero n’abandi baririmvyi b’abarundi

Mu kurangiza tubibutse ko Natacha Ngendabanka aherutse gukora indirimbo n’umuririmvyi Gaaga blue,indirimbo bise”Utaipenda”