Abashatse gutembagaza reta basabiwe umunyororo wo guherayo

3

Abantu 28 bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 ukwezi kwa gatanu, basabiwe igihano co guherayo.

gen

Umushikirizamanza abagiriza ivyaha vyo gushira mu ngiro gushaka gutembagaza ubutegetsi no guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho ngo barwanye reta, kwica abasirikare n’abapolisi hamwe n’abanyagihugu hamwe rero kwonona no gusambura inyubako.

Urubanza rwatanguye humvirizwa abasaba indishi.

Uwaserukiye igisirikare c’Uburundi yasavye indishi ingana n’amahera y’amarundi agera ku 793.951.900 y’ibikoresho n’inkoho vyazimiye ku matariki ya 13 na 14 ukwezi kwa kane, hamwe n’ayakoreshejwe mu gushingura abasirikare 9 bahasize ubuzima.

reuters

Ubushikiranganji bw’umutekano busaba indishi y’akababaro y’imiliyaridi 13 n’imiliyoni amajana atanu, bukanavuga ko umugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi watanguye kuja mu ngiro ku musi wa mbere w’imyiyerekano.

Radio Rema FM yaturiwe n’abashaka gutembagaza ubutegetsi isaba indishi y’akababaro y’amafaranga y’amarundi agera ku 4.213.800.000 ku bikoresho n’inyubakwa vyahononekariye.

Abandi basavye indishi ya kababaro, ni abapolisi babiri.

niyombare

Bubaye ubwa gatandatu abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bitaba mu ntahe y’icese.

Gen Cyrille Ndayirukiye, icegera c’uwari arongoye uwo mugwi washaka gutembagaza ubutegetsi, Gen Godefroid Niyombare, ubu atawuzi aho yahungiye, yaremeye icaha co gushaka guhirika ubutegetsi, ariko ahakana ibindi vyose yagirizwa kandi yahakanye kugira ico avuze ku gihano yasabiwe ngo kuko urwo rubanza rutisunze amategeko.

151212170829_burundi_512x288_bbc_nocredit

Kuva hadutse amatati yo kutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, Onu ivuga ko abantu barenga amajana ane bamaze kuhasiga ubuzima, abarenga ibihumbi amajana atatu bata izabo n’abandi benshi ubu bari mw’ibohero.

Ibiganiro bihuza abashamiranye vyari bitegekanijwe uyu musi vyasivye, imigwi yose ikaba itaronse ubutumire bw’umuhuza, ariko reta y’uburundi yari yamaze kumenyesha ko itazovyitaba kuko itagishijwe inama kw’itariki n’ikibanza vyari kuberamwo, inyuma y’ivyabereye Entebe muri Uganda.

SRC : BBC

3 COMMENTS

  1. Hello just wanted to give you a quick heads up.

    The words in your content seem to be running
    off the screen in Firefox. I’m not sure if this is a format issue or something
    to do with web browser compatibility but I thought I’d post to let you know.
    The design look great though! Hope you get the issue fixed soon. Many thanks

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here