Kubera ubutunzi butifashe neza muri Kaminuza y’Uburundi, abanyeshuri baba mu bigo vya Kaminuza Y’Uburundi ntibazosubira kuronswa ivyo bahora bafungura mugitondo ariko bagiye Kuzohora Bafungurirwa Kabiri Gusa Ku Musi.
Mw’itangazo Rya Kaminuza Y’Uburundi Ryateweko Umukono Numuyobozi Anatole Nzinahora Rimenyesha Ko Igisata Kijejwe Ibikorwa Vya Kaminuza Gifise Ingorane Zikomeye Zubutunzi.
Kuri Izo Mvo, abanyeshure Ntibazosubira Gufungurirwa Mu Gitondo-petit Dejeuner ariko infungurwa zo Ku Mutaga hamwe no mwijoro zo bazobandanya kuzifata.
UBM News tubibutse ko iyo Ngingo izoja mungiro Kuva Itariki 1 Ruhuhuma 2016.