Bujumbura : Umugabo yishe umugore wiwe amukubise agafuni

0

Umugabo azwi kw’izina rya HATEGEKIMANA batazira BINGWA yishe kuri uwu wa mbere umugore wiwe amukubise agafuni mu mutwe. Ubwo bwicanyi bwabereye muri zone ya Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura. Uwo yishwe yabana n’umugabo wiwe mu nzu itarahera kwubakwa, uwo mugabo akaba yari umunyezamu w’iyo nzu.

Ababanyi b’uwo yandaguwe bamenyesha ko uwo mugore n’umugabo bahora bama bashwana, umugore yagiriza umugabo ko amwiba amafaranga aba yadandaje amakara, aho akaba ari mu gihe uwo mugore yaheruka kwitwara mu giporisi ko uwo mugabo wiwe yamwivye amafaranga ibihumbi amajana abiri vyari ivyo kuriha abamuhaye amakara adandaza.

funi

Uwo mugore yagandaguwe asize umwana w’imyaka itatu, akaba kandi yari yibungenze. Umugabo wiwe yamugandaguye nawe ari mu minwe y’igiporisi.

type