Kidumu yakorewe ikintu kibabaje cane n’abarundi baba muri Australia

0

Umuririmvyi rurangiranwa m’umuziki ndundi ( Kidumu) aridogera abarundi baba muri Australia kumvo zuko batitabira ibiteramo ariko arakorerayo.

Kidumu ivyo ariko arakorerwa naba barundi baba muri Australia , we abona ko bifitaniye isano nimvo za Politike kuko ngo boba bamwagiriza ko asigaye akorana na CNDD FDD

img_0283

We yagize ati: Ndabaramukije! Muri Australia maze gukora concert zibiri Kandi zagenze nabi kubera kutitabirirwa nabantu . Hari isekeza ririko rirakorwa nabarundi bamwe bamwe kuma reseaux sociaux yuko abantu batokwitabira ibiteramo vyanje kubera impamvu bita ngo niza politique .Kandi vyagenze uko nyene uko bavyifuje ! Bravo mwese abakoze iryo sekeza kubera mwashitse kuco mushaka .

Ndiko ndazira ko nagiye I Burundi mukwezi kwicenda guheze hanyuma nkora akazi ko guteramisha abantu( abarundi nabanyamahanga basanzwe bibera mu Burundi ) ndabahuza Bose hamwe muri foire yari yatunganijwe na banyakenya ( ambassade ya Kenya I Bujumbura) kurya nsanzwe ndabikora hose aho mba ndi Ndiko ndazira ko ivyiyumviro vyanje uko mbona ibintu . Uko rero vyagenze kuri runo rugendo kuva nshika muri Australia nico nokwita sabotage na boycott .

Jewe kubwanje mbona ari uburenganzira bwababikoze kubera ntamuntu yariye urwara uwundi Kandi umwe wese arafise droit yokuvuga ivyo yiyumvira vyiwe Vyatumye nibaza ibintu bikurikira:

1.sindi muri leta

2. Ntakibanza nakimwe ca politike ndimwo

3.sindi umurwanyi simfise umurwi waba rwanyi wovuga ngo nshitse I Bujumbura nce ntanguza intambara

4.Sindi umukozi wiyo leta mwoba mutavuga rumwe

5. Akazi kanje Ni uguhumuriza imitima yababaye biciye mundirimbo none murashaka ntangure akazi ko kuza ndagumura abantu ?

6 . Ego mutaje Mu biteramo vyanje ariko hakaza umuntu umwe gusa yankunze kubasumvya Jewe nkamuririmbira Kandi akanezerwa none ntimwumva ko nkikora kakazi nyene Kandi atamahera nashize imbere!?

Ibiriko biraba ndavyemeye nkumugabo Kandi ndemeye uwo musaraba mumpaye ngo nikorere inyishu yanje kuri ibi Ni uko naho hosigara umwe muri salle Jewe nzomuririmbira azoba ariwe muntu yankunze gusumvya abandi .

Sindi umunyepolitike ! Muvyemere Canke mubihakane . Abanyepolitike baja Tanzania guhura na Benjamin Mkapa kuvyerekeye ibibazo vya polike Kandi Bari Mu migambwe Jewe sindi umunyepolitike ntana mahera cumi yamarundi ndigera nrya muvya politike Mperuka politike kuyijamwo muri 2005 aho nari mumugambwe wa MRC rurenzangemero yokwa Bayaganakandi Epitace nshaka kuba umushingamateka ! Birananira ncendemera yuko ntafise ingabirano yavyo ncandabivamwo ntanyota gushika ubu mfise yokubisubiramwo .

Uko Niko kuri kuzima Jewe nivugiye ! Nta politike nshobora kujamwo ntanivyo nshoboye . Abakunzi banje bamwe bamwe bambwiye umusi umwe yuko inyuma ya Canjo Amisi apfuye ngo u Burundi ( abarundi Bose bomumirwi yose, namadini yose etc) bwaciye buronka jewe bica bituma ngira ubwoba bwinshi kuko naciye nibaza yuko nzorangiza nabi nka Canjo Amisi aho batanguye kumwita ko yari umugabo amaze gupfa ariko mubisanzwe ataco bigeze bamumarira
Rero kurivyo nimba kuba umuririmvyi wumurundi uririmvye mu kirundi bica bivamwo amatiku , gukururana mumpande zokwegamira muvya politike aho ngiye Mu Rwanda bamwe bamwe I Bujumbura ishavu rica ribaniga ngo ndabaye icitso cabanyarwanda kuja kuririmbayo mubihe nkibi aho biboneka yuko hariho ukutumvikana hagati y’urwanda n’uburundi eka n’ impunzi zabarundi ziriyo Ico gihe zica zimbona nkintwari .

Mvuye mu Rwanda nca nja I Bujumbura abo nasize Mu Rwanda ishavu nabo ryaciye ribaniga Jewe mbonako hageze ko ndirimba muzindi ndimi igiswahili nizindi ndimi nakare wari umutima wogukunda no gukingira akaranga nimico vyi gihugu camavukiro . Aho nashikanye ikirundi mumiziki harakwiye abandi reka nabo babandanye barenze isemo .

Murakoze