Ubutegetsi bwateguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ingingo ya ONU

0

Imyirekano y’ukwiyamiriza ingingo yemejwe na ONU ibisabwe n’Ubufaransa yatunganijwe mu gisagara ca Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu. Abari muri iyo myiyerekano bariko biyamiriza ingingo yemejwe kuri uwu wa gatanu, y’irungikwa ry’abaporisi mpuzamakungu ba ONU mu Burundi.

ye

Inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe kuri uwu wa gatanu ingingo yo kurungika mu Burundi abaporisi mpuzamakungu ba ONU bagera ku 228.

Nk’uko vyasabwe n’igihugu c’Ubufaransa, iyo ngingo y’ukurungika abaporisi mpuzamakungu mu Burundi yemejwe n’ibihugu cumi na kimwe, ku bihugu bine ataco vyavuze kuri iyo ngingo (abstentions) Ivyo bihugu atavyo vyavuze kuri iyo ngingo ni Ubushinwa, Angola, Egypte hamwe na Venezuela.

Abo baporisi mpuzamakungu bazorungikwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose, bakazoba bafise ikiringo c’umwaka umwe, ariko gishobora kwongererzwa mu gihe umutekano wobandanya gutituka. Bazokora n’abarorerezi mpuzamakungu basanzwe bari mu Burundi, hamwe n’abasirikare b’abahinga b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basanzwe bari mu Burundi.

myi

Nk’uko iyo ngingo y’inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ibivuga, abo baporisi mpuzamakungu ba ONU bazoja gukurikirana ibijanye n’agateka ka muntu mu Burundi, hamwe n’ugufasha kugira ibiganiro bihuza Abarundi bigende neza.

Inama y’umutekano ya ONU imenyesha ko yizeye ko abo baporisi bazogira akamaro mu gufasha kugira habe icuka ciza hagati y’abaganira kugira igihugu kive mu ruhagara rufatiye kuri poritike kirimwo. ONU yasubiriye kumenyesha kandi ko yiteguye gufatira ibihano abo bose bageramiye umugambi w’amahoro mu Burundi, hamwe n’abakora ubwicanyi. Reta y’Uburundi nayo igasabwa kurekura abapfunzwe bazira poritike mu Burundi, iyo Reta nyene igasabwa kandi kwugurura ibimenyeshamakuru vyahagaritswe.