Pierrot Kwizera yatowe nk’umukinyi mwiza mw’ihiganwa ry’Urwanda

0

Umukinyi w’umurundi w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi n’umugwi wa Rayon sport wo mu gihugu c’urwanda ariwe Pierrot Kwizera yaraye ahawe agashimwe nk’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa ryarangiye ryo mu gihugu c’urwanda,ihiganwa ryitiriwe izina rya Azam
pierrot

Pierrot Kwizera akaba yahawe ako gashimwe nyuma yo kwigenza neza muri iryo higanwa,aho Pierrot kwizera yashoboye gutsinda ibitsindo cumi na bibiri yongera afasha umugwi wiwe mu gutwara igikombe c’amahoro

Tworangiza tubamenyesha ko Pierrot Kwizera yahawe agashimwe k’amafaranga angana ibihumbi amajana atanu vy’amarundi