Cibitoke : Umucamanza yagirizwa gutorokesha umunyororo yafashwe

0

Umucamanza azwi kw’izina rya Bukuru Callixte akorera ku sentare nkuru y’intara ya Cibitoke ari mw’ibohero kuva ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana. Yagirizwa ko yatorokesheje umupfungwa.

Bukuru Callixte yafatiwe mu bunywero buri ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke, igiporisi kikaba kimwagiriza ko ariwe yafashije kugira uwahora apfunzwe yagirizwa ugusubiramwo ikashe za OBR (Office Burundais des Recettes) atoroke mu gasho.

Uwo yahora apfunzwe yigeze gufatanwa impapuro ziriko ibidodo n’imikono vya OBR bitarivyo (Escroquerie, faux et usage de faux).

Nk’uko amakuru ava aho mu Cibitoke abivuga, uwo mucamanza apfunzwe niwe yavanye mw’ibohero uwo munyororo, bajana gusangira urukanwa, ariko mu nyuma uwo munyororo ahava amutorokana. Igiporisi kikaba caciye gifata uwo mucamanza kugira yerekane uwo munyororo yakuye mu gasho.