Abatutsi bakoze imyiyerekano idasanzwe yo kwiyamiriza icegeranyo ca ONU

0

Abantu bagera kw’ijana bagize imyiyerekano i Bujumbura biyamiriza icegeranyo ca ONU giheruka gusohoka, kivuga ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko rikorewe Abatutsi.

Iyo myiyerekano yabereye imbere y’ibiro vya ONU i Bujumbura, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane, gushika nk’igihe c’isaha umunani z’umurango. Iyo myiyerekano yatunganijwe n’umunyagihugu umwe azwi kw’izina rya Jean Luc NDIKUMWENAYO avuga ko ari uwo mu bwoko bw’Abatutsi yatanguye iyo myiyerekano ari umwe kuri uwu wa gatatu, mu nyuma ahagarira abandi Batutsi kuza kumufasha kuri uwu wa kane. Yagize ati : “Abandi batutsi bose biyemera baze kumfasha kugira imyiyerekano twerekane ko icegeranyo ca ONU cuzuyemwo ibinyoma vyatanzwe n’abanyeporitike bashaka kuryanisha abantu.”

Abo bantu bamenyesheje ko bazobandanya bagira iyo myiyerekano gushika ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryemeye ko ryatawe mu mutego, risohora icegeranyo kirimwo ibinyoma, nk’uko vyashikirijwe n’abo bantu bavuga ko ari Abatutsi batemera ko hari ihonyabwoko ririko ritegurirwa abandi batutsi bo mu Burundi.

az

Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.

Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.

Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016. Abo bahinga bamenyesha ko muri ico kiringo bamenye ko abantu bagera ku 564 aribo bishwe, bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.

Tubamenyeshe kandi ko abo bahinga basavye inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ko yokwiga namba Uburundi bwogumizwa muri urwo rwego. Mu myaka cumi iheze hashizweho iyo nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, ribaye irya mbere aho kimwe mu bisata vya ONU gisabira igihugu gukurwa muri iyo nama.

Reta y’uburundi imenyesha ko yatangajwe n’uko inyishu yatanze ku cegeranyo c’abahinga baje kugira amatohoza kw’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu zitashizwe muri ico cegeranyo. Uburundi buvuga koi co cegeranyo cuzuyemwo ububeshi.

awz

Willy Nyamitwe, umuyobozi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko Uburundi butemera ibiri muri ico cegeranyo.
Agira ati : “Wewe wofata gute umuntu yaje kugira amatohoza, atagira ayo matohoza ahubwo aca yisunga ivyo yabwiwe n’abantu ngo bamwe bamwe bo ngaha mu Burundi, abandi ngo bagiye kubasanga mu Rwanda, abandi mu Buganda. Murumva rero ko ivyo abantu bababwira bidashobora kuba ibintu vy’ifatiro kugira ngo ugire icegeranyo cumvikana.”

Willy Nyamitwe avuga kandi ati : “Abarasa mu makaritiye barazwi, abica abantu bagata ibiziga vyabo mu mabarabara barazwi, abashatse gutembagaza reta barazwi, abiyemereye bo nyene ku maradiyo no ku mboneshakure ko ari bo batera amagrenade hirya no hino yishe abantu batari bake barazwi. Ariko nta na hamwe muri ico cegeranyo ushobora kubona amazi yabo.”