Amerika yafatiye ibihano abandi Barundi batatu

0

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cafatiye ibihano muvy’ubutunzi abandi barundi batatu.
Babiri ni abo mu nzego za gisirikare, uwugira gatatu ari mu barwanya Reta y’Uburundi. Abo bantu batatu baje biyongera ku bandi bategetsi bane baheruka gufatirwa ibihano nabo nyene na Amerika, bagirizwa uruhara bafise mu ntureka zibera mu Burundi.

Abo bafatiwe ibihano ni Marius Ngendabanka, ari mu begereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba arongoye akarere ka mbere ka gisirikare. Yagirizwa kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo bihano vyafatiwe kandi Ignace Sibomana, wo mu nzego z’umutekano z’Uburundi, umwe mu ndongozi z’umuhari w’imbonerakure, urwaruka rukomoka ku mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi.
Nawe nyene muvyo yagirizwa harimwo kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abo bose bari bateye kubiri n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu mu gisagara ca Bujumbura.

Uwugira gatatu ni Edouard Nshimirimana, yahoze mu gisirikare c’Uburundi, Niwe arongoye umuhari FOREBU wafashe ibirwanisho kugira urwanye Reta y’Uburundi. Uwo muhari wagirizwa gukora ibitero ku makambi ya gisirikare i Bujumbura, mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2015.

Abo barundi uko ari batatu bafatiwe amatunga yabo bafitiye muri Amerika, ndetse n’amatunga yabo agenzurwa n’abanyamerika arahagaritswe. Abanyamerika barabujijwe kandi kugiranira igikorwa icarico cose n’abo bantu, mu bijanye n’ubutunzi.

Abandi baheruka gufatirwa ibihano ni Général Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano, Général Godefroid Bizimana icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, Général Major Godefroid Niyombare yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza, Général Major Cyrille Ndayirukiye yahoze arongoye ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi.

Umukuru w’igihugu Barack OBAMA amenyesha ko n’abandi bategetsi babangamiye amahoro n’intwaro rusangi mu Burundi bagiye gufatirwa ibihano.