Karuzi : Abayoboke babiri ba Rwasa Agathon batawe muri yompi

0

Inyuma y’urugendo yagize mu ntara ya Karuzi, abanywanyi babiri ba Rwasa Agathon bari mu munyororo. Abo bafashwe ni Jean Butoyi, umwe mu batowe ku musozi Bibara, muri zone ya Mutumba mu ntara ya Karuzi, hamwe na Hilaire Banyansekera, umunyamabanga w’umugambwe FNL mu ntara ya Karuzi.

pert

Bompi bari mubari imbere mu kwakira Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.
Ivyo bibaye inyuma y’aho mu ndwi iheze n’ingendo z’akazi yari yateguye mu ntara ya Cibitoke zisibijwe kw’itegeko rya Buramatari w’intara ya Cibitoke.