Amazina y’uwugiye gusubirira Pascal NYABENDA yatanguye kuvugwa

0

Mu gihe hasigaye iminsi itatu gusa kugira habe ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD, aho mbere bivugwa ko muri iryo koraniro hazotorwa umukuru mushasha w’umugambwe CNDD FDD azosubira mu kibanza kirimwo umushingamateka Pascal NYABENDA asanzwe ariwe mukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, amazina y’abo abazoba bari muri iryo koraniro bazotoramwo umukuru w’umugambwe yatanguye kuvugwa.

Amakuru dukura muri bamwe mu ndongozi zo muri uwo mugambwe, avuga ko ubwa mbere haza izina rya Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba avuka mu ntara ya Makamba.

Izina rya kabiri ni irya Emmanuel SINZOHAGERA, asanzwe ariwe komiseri ajejwe intwaro mu mugambwe CNDD FDD, akaba n’umwe mu bajejwe kwegeranya imfashanyo zihabwa uwo mugambwe.

Izina rya gatatu ni irya Alexis BAREKEBAVUGE avuka mu ntara ya Cibitoke, akaba ariwe arongoye umurwi w’abaririmvyi « Chorale KOMEZA GUSENGA », umurwi n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe aririmbamwo.

Izina rya kane ni iry’umupfasoni Mo-Mamo KARERWA avuka mu ntara ya Gitega, akaba yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka, ku ntwaro y’umushingamateka Piyo NTAVYOHANYUMA yahunze igihugu.

Muri ayo mazina y’abazotorwamwo umukuru w’umugambwe CNDD FDD, haravurwamwo kandi izina rya Denis KARERA asanzwe ariwe mukuru w’Imbonerakure za CNDD FDD, ariko abahabwa amahirwe akaba ari abo babiri ba mbere Reveriyano NDIKURIYO hamwe na Emmanuel SINZOHAGERA.

nyad

Mu kibanza c’ivyegera vy’umukuru w’uwo mugambwe, havugwa izina rya Victor BURIKUKIYE avuka mu ntara ya Muyinga, akaba ariwe n’ubu ari icegera ca kabiri c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, hamwe na Edouard NDUWIMANA asanzwe ariwe cegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Iryo koraniro kaminuza ridasanzwe rizoba kw’igenekerezo rya 18 hamwe n’irya 19 Ruheshi 2016, rikazobera i Buye mu ntara ya Ngozi.

Abatumiwe kuzoba bari muri iryo koraniro ni abari mu nzego z’umugambwe, abari mu buserukizi bw’umugambwe, abakora mu buzi bahawe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu (nommé par décret) canke bahawe akazi ku ngingo y’umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka (nommé par décision du président du Senat et de l’Assemblée nationale) ariko bakaba bafise amabanga bajejwe mu mugambwe, ba Musitanteri b’amakomine yose agize Uburundi hamwe n’abakuru b’amanama mpanuzwajambo, ariko bakaba ari abanywanyi ba CNDD FDD.

Mu gihe Pascal NYABENDA umukuru w’umugambwe CNDD FDD yosubirizwa, yoba agiye adahejeje ikiringo ciwe, kuko coheze kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017.

Tubibutse ko havugwa vyinshi ku bijanye n’intumbero y’iyo nama y’umugambwe CNDD FDD aho ivyo bagiriza Pascal Nyabenda arongoye uwo mugambwe ari vyinshi, akaba ari navyo yoba agiye kuzira. Bimwe murivyo akaba aribi bikurikira :

1. Pascal Nyabenda yoba yagirizwa n’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza ko ashaka kumusubirira. Ivyo Nkurunziza akavyikeka kubera ko ibihe agezemwo bitoroshe kubera ibiganiro bigiye guhuza abarundi rero bikaba bigiye kuba Pascal Nyabenda atagishinzwe amabanga yo kurongora uwo mugambwe CNDD FDD ,hama Nkurunziza ashireho uwo yibaza ko azomushigikira. Ibiganiro bigiye kubera i Arusha bivugwa ko Nkurunziza ashobora kuremerwa, maze akemera gukinjura ataco arinze gusaba, bikavugwa rero ko Nkurunziza azoca asaba uwutwara inama nshingamateka abe ariwe atwara intwaro mfatakibanza gutyo uwo agiye gusubirira Nyabenda azobashe kuba ari uwumuyoboka.

2. Pascal Nyabenda yagirizwa kandi ko ataco ashikiriza, mu gihe Abagumyabanga ba CNDD FDD baba bari mu nama y’abitwa inararibonye muri uwo mugambwe, Pascal Nyabenda akaba atigera yerekana aho ahagaze, maze abagumyabanga bikabatera amakenga.

3. Pascal Nyabenda yoba yagirizwa kandi kuba atigeze aja ku rugamba, ariko akaba ari imbere mu bibanza bikomeye vy’ubutegetsi. Abagumyabanga ba CNDD FDD bahoze ku rugamba barahiye bararengwa ko ata munyagihigu atazi ukuntu urugamba rwagenze agiye gusubira kubaja imbere, kuko ku bwabo, mwene abo bantu ntibamenya n’ukuntu ubutegetsi bugabanganwa.

nyabe

4. Pascal Nyabenda yagirizwa kandi gutanga ubutegetsi ku bagumyabanga baturuka i Bubanza iyo asanzwe avuka hamwe na Cibitoke. Abandi bagumyabanga baturuka mu ntara za Gitega, Ngozi n’ahandi agashavu karaniga aho bimaze kwibonekeza ko abari mu nzego nkuru z’Igihugu benshi baturuka mu ntara za Bubanza na Cibitoke gusa. Iryo vangura Pascal Nyabenda akorera abandi bagumyabanga rikaba ariryo rituma haba abamugwanya benshi. Kuba agwanywa na benshi rero bikaba bigiye gutuma uwo mukuru w’umugambwe agira abamushigikira bake muri iryo koraniro kaminuza ryimirije.

5. Nyabenda Pascal yagirizwa kandi ko yigungirako, uwo arongoye umugambwe CNDD FDD akaba afise amabanga abiri mu gihugu akomakomeye, ariko ivyo bigatuma abandi bagumyabanga babona ko yigungirako. Ku bwabo, nta kuntu umuntu umwe yofata ibiti vyose, hama agaheza akabikora neza. Abagumyabanga batari bake bakaba bamusaba rero gukinjura muri kimwe ariko akavyanka.