Vitalo’o fc mu myiteguro y’urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu

0

Umugwi wa vitalo ubandanya witegurira neza urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ruzobahuza n’umugwi wa Messager Ngozi kuruyu wa mirongo ibiri n’agatandatu
vitalo fc
Ni muri iyo ntumbero rero umugwi wa vitalo ubandanya ukina inkino zo kwipima kugira bazogere kuri iryo genekerezo biteguye neza kugira barabe ko bokwegukana iryo higanwa mu gutsinda Messager Ngozi wo mu ntara ya ngozi,
ku munsi w’ejo aho bukera vitalo ikazotana mu mitwe n’umugwi wa aigle noir wo mu ntara ya makamba,urukino ruzobera ku kibuga citiriwe umuganwa rudoviko rwagasore isaha cumi z’umugoroba,rukazoba ari urukino rwo gusubiriza rwa kivandimwe kuko mu rukino ruheruka vitalo yatsinze aigle noir 1-0,igitsindo cabonetse mu gice ca kabiri gitsinzwe na Mavugo Laudit
vitalo
Tworangiza tubamenyesha ko vitalo ariwo mugwi watahukanye ico gikombe c’umukuru w’igihugu mu mwaka uheze