Leta y’ Uburundi Yiyemeje Kurandurana N’Imizi Umugenzo Wo Kubana N’abagore Benshi

0

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu,Pascal Barandagiye yaraye asubiriye kumenyesha ko leta umugambi ifise wuko umugabo agira umugore umwe bakandikanwa ari ntabanduka. Ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu musi wa kabiri itariki 18 Mukakaro 2017, aho yamenyesheje ko isekeza ryatanguye mu gihugu cose. Barandangiye yanagabishijeko « abisilamu nabo iryo tegeko ribaraba ».

Pascal barandagiye yamenyesheje avuga ko umugabo akwiye kuba afise umugore umwe. « Abagabo bafise abagore barenga umwe bahamagariwe guhitamwo umwe ».

Yabandanije asigura ko Uburundi ari ‘igihugu kitagengwa n’amategeko y’amadini kandi ko itegeko ritegeka umugabo kubana n’umugore umwe’, ; niko yasiguye mu kwishimikiza kuri Bibiliya hamwe na Corowani( igitabu c’abisilamu).

Pascal Barandagiye, Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu

Uwo mwiyemezo wa Pascal Barandagiye na leta aserukira uzotuma mbere no mu ngo z’abisilamu, aho usanga umugabo ashobora kubana n’abagore bashika kuri batanu, ukora cane, maze n’abisilamu bakubahiriza iryo tegeko rya leta.

Ariko rero abisilamu batari bake barabona ko iyo ngingo ya leta igenga imibano itazoshoboka, naho ije igamije kugabanya umurindi w’igwirirana ry’abanyagihugu mu Burundi, ababandanya biyongera uko umwaka utashe nkuko amaraporo yabishize ahabona.

Ariko ugerageje kwihweza hamwe ni ingingo nziza, ahandi naho ni mbi ku bakenyezi bazokurwa mu ngo ; bobo bakiyumvira uko bazobaho ; abandi bakaboa nyabuna ko boreka umugabo ashoboye kubatunga agatuunga abo ashoboye. Uko biboneka ho nuko iyo ngingo bizogorana cane ko abisilamu bayishira mu ngiro kuko kubana n’abagore benshi bisanzwe biri mu migenzo yabo uko biboneka.